Uko wahagera

Abantu 38 Bishwe n'Impanuka Bariko Bimba Inzahabu muri Sudani


Ikibanza cimbirwamwo inzahabu muri reta ya Red Sea State, muri Sudani
Ikibanza cimbirwamwo inzahabu muri reta ya Red Sea State, muri Sudani

Abategetsi muri Sudani bavuze ko abantu hafi 38 baguweko n’umusozi barapfa igihe bariko barimba ubutare bw’inzahabu mu ntara ya West Kordofan. Ikompanyi ya reta icukura ubutare yavuze ko iryo sanganya ryabaye kuri uyu wa kabiri kandi ko ico kibanza kiri ku birometero 700 uva ku murwa mukuru Khartoum cari gisanzwe carugawe.

Iyo kompanyi ya reta icukura ubutare yashize ku rubuga Facebook amasanamu y’abanyagihugu bakoraniye kuri ico kibanza hamwe n’imashini ziriko zirimba kugira barabe ko hari uwo borokora. Iyo kompanyi yavuze ko ico kibanza cari carugawe ku bantu ariko abanyagihugu basubiye kucimbamwo ubutare igihe abakirinda bava muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG