Uko wahagera

Ubufaransa Bwahebeye Sudani Amadeni y'Imiriyaridi 5 z'Amadolari


Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, yakira perezida wa reta mfatakibanza ya Sudani, Abdel Fattah al-Burhan, kuri champ Elysee, i Paris, kw'itariki ya 17/05/2021.
Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, yakira perezida wa reta mfatakibanza ya Sudani, Abdel Fattah al-Burhan, kuri champ Elysee, i Paris, kw'itariki ya 17/05/2021.

Ubufaransa buvuga ko buzohanagura ideni ringana imiriyaridi 5 z’amadolari buheraniwe na Sudani, ubudagi nabwo bwemera guha imfashanyo ico gihugu, mu nama iriko ibera i Paris, yo gufasha Sudani no kuzamura ubutunzi bwa Afrika bwasubijwe inyuma na Covid-19.

Iyo nama ikoranije abakuru b’ibihugu vya Afrika barenga cumi, hamwe n’intumwa ziserukira amashirahamwe mpuzamakungu y’ubutunzi, ubumwe bwa Buraya hamwe n’Ubushinwa. Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa yavuze ko yashimye ko kubona reta mfatakibanza iriko yerekeza igihugu kuri demokarasi, vyerekana ko ico gihugu gikwiye gushigikirwa mu butunzi na poritike.

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok, avuga ko igihugu ciwe gitunze ubutare mu gataka, kitariko kirondera guhabwa ivya gusa, ariko gikeneye abatwarayo imitahe.

Ibiganiro vyo kuri uyu wa kabiri kuri Afrika bishimikira ahanini ku ngaruka z’ubutunzi zatewe na COVID-19, yahagaritse igisata ca mukerarugendo hamwe n’ibindi bisata. Ibanki nkuru y’isi igereranya ko hiyongereye imiriyoni 34 z’abakene muri Afrika, babeshejweho n’amafaranga adashika idolari zibiri ku musi, cane cane mu karere ka Afrika kari munsi ya Sahara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG