Igihugu ca Arabiya Sawudite ciyemeje gufasha kugondoza ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu aheraniwe na Sudani, kuyihebera umwenda urenga imiriyaridi 50 z’amadolari. Umutegetsi wa Arabiya Sawudite azoba ari mu biganiro bizobera i Paris, yabishikirije kuri uyu w’Imana.
Reta mfatakibanza ya Sudani, irongowe n’umushikiranganji wa mbere, Abdalla Hamdok, iriko irahangana n’ibibazo vy’ubutunzi no guhindura amategeko yerekeye ubutunzi, mu gihe iriko irasaba amakungu kuyihebera imyenda iyaheranye.
Arabiya Sawudite iza ku mwanya ugira gatatu w’ibihugu biheraniwe na Sudani, ku mafaranga angana imiriyaridi 4 n’imiriyoni 600 z’amadolari, nkuko ibiharuro vy’ikigenga mpuzamakungu c’ubutunzi, FMI kivyerekana.
Mu ndwi iheze, FMI yariyemeje umugambi wo gufasha gutororokanya amafaranga yo gufasha gutezurira amadeni Sudani.
Sudani imaze imyaka ibinyecumi mu bihano no gukumirwa n’amakungu, kuva ku ntwaro ya perezida Omar al-Bashir, yakuwe ku butegetsi n’igisirikare mu kwezi kwa kane 2019, inyuma y’imyiyerekano y’abanyagihugu yamaze amezi.
Facebook Forum