Uko wahagera

Abashinwa 3 Baguye mu Gitero c'Abitwaje Ibirwanisho muri Congo


Igitero c’abantu bitwaje ibirwanisho mu kibanza gicukurirwamwo ubutare muri Republika ya Demokrasi ya Kongo cahitanye abashinwa 3.

Ambasade y’Ubushinwa muri Kongo isigura ko ico gitero cabaye ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Ituri ihana urubibe n’ibihugu vya Uganda na Sudani yo mu bumanuko.

Kongo ni co gihugu cimbura ubutare bwa Cobalt kurusha ibindi bihugu vyo kw’isi. Kongo kandi iri mu bihugu vyimbura ubutare bw’umuyumpu kurusha ibindi kw’isi.

Amasosiyete acukura ubutare yo mu gihugu c’Ubushinwa yarashize imitahe y’agaciro k’imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari muri Kongo mu myaka ya vuba naho hari ibibazo bijanye n’umutekano muri ico gihugu.

Ambasade y’Ubushinwa yasavye Reta ya Kongo gufata ingingo zikomeye z’ugukingira ubuzima n’amatungo y’Ubushinwa mu gihugu. Yasavye kandi ko haba itohoza ryihuta ku bwicanyi bwakozwe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije.

Ambasade y’Ubushinwa yasavye abashinwa bari muri Kongo kwirinda kuja mu karere ka Ituri kubera imirwi yitwaje ibirwanisho itandukanye ihakorera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG