Uko wahagera

Libiya: Abashingamateka Banse Gushinga Itariki Nshasha y'Amatora


Inama nshngamateka ya Libiya iteranye
Inama nshngamateka ya Libiya iteranye

Inama nshingamateka na nkenguzamateka za Libiya kuri uyu wa mbere zanse gushinga itariki nshasha y’amatora y’umukuru w’igihugu yasivye mu ndwi iheze. Ibi biciye bituma haba ibibazo kuri kazoza k’ayo matora.

Aya matora yari yategekanijwe ku musi wa gatanu w'indwi iheze. Yari inzira ONU yari yafashijemwo yo gukura Libiya mu kajagari k’intambara irimwo kuva mu migumuko yo mu 2011 yakuye Kadafi ku butegetsi. Ariko ntiyabaye bivuye ku mpari ku bakandida biciyemwo imice hamwe n’impari ku mategeko ayaherekeza.

Komisiyo itunganya amatora iracarindiriwe kugira itange urutonde rwa nyuma rw’abakandida bazoharanira intebe y’umukuru w’igihugu. Ibikorwa vyayo vyasubijwe inyuma n’abitwariye muri sentare bamwe mu bakandida.

Mw’itangazo rusangi ryasohowe ku musi wa gatanu, ibihugu bitanu vyo mu burengero bw’isi vyasavye ko hashingwa ikirangamisi gishasha c’amatora vuba bwango bishoboka. Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubufaransa, Ubwongereza, Ubudagi hamwe n’Ubutaliyano vyavuze ko reta y’ubumwe igumaho gushika amatora arangiye. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG