Uko wahagera

Amatora ya Libiya Ntakibaye kw'Itariki Yari Ategekanijwe Kuberako


Umwe mu banyagihugu ba Libiya yiyandikisha ngo azokwitoze mu matora
Umwe mu banyagihugu ba Libiya yiyandikisha ngo azokwitoze mu matora

Umurwi w'inama nshingamateka muri Libiya watangaje uno musi ku wa gatatu ko kugirisha amatora y'umukuru w'igihugu ku musi wa gatanu ari ibintu bitazoshoboka.

Umukuru w’uwo murwi yabitangaje mw’ikete yarungikiye umukuru w’inama nshingamateka. Ntiyatangaje italiki nshasha ayo matora azoberako. Umurwi ujejwe amatora mu gihugu watangaje gatoyi inyuma yaho ko amatora azokwigizwayo gushika kw’italiki 24 y’ukwezi kwa mbere.

Amatati atari make ku vyerekeye amatora vyatumye abantu babona ko ayo matora yari arindiriwe igihe kirekire azokwigizwayo. Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri Libiya, Richard Norland yatangaje ko igihugu ciwe gisangiye impungenge n’abanyalibiya batari bake bari biteze kuronka akaryo k’ugutora kuri kazoza k’igihugu cabo. Yasavye abayobozi b’igihugu ca Libya gutorera inyishu ibibazo vyose bihari vyerekeye kugirisha amatora.

Igihugu kiyobowe hisunzwe reta mfatakibanza imyaka cumi inyuma yuko umutegetsi yari amaze igihe kirekire ku butegetsi, Moammar Gadhafi atembagajwe. Imirwi irwanira ubutegetsi mu buseruko no mu burengero bw’igihugu yarubahirije agahengwe mu kiringo c’umwaka urangiye hisunzwe umugambi w’amahoro ushigikiwe n’ishirahamwe ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG