Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Reta zunze ubumwe za Amerika bwavuze kuri uyu mbere ko ata basirikare ba Amerika bazohanirwa igitero ca drone yahitanye abanyefuganistani 10 ku murwa mukuru Kabul mu kwezi kwa munani. Mu bapfuye harimwo abana indwi.
Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, John Kirby yavuze ko umushikiranganji wo kwivuna abansi, Lloyd Austin yasuzumye neza ivyabaye abona ko atawobihanirwa.
Ico gitero ca drone cabaye kw’italiki 29 z’ukwezi kwa munani mu misi ya nyuma abasirikare ba Amerika bariko baratahuka, inyuma y’aho Abatalibani bafatiye uburongozi bw’igihugu.
Abategetsi ba Amerika bavuze ko bari baronse amakuru y’iperereza ko umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu ushobora kugaba igitero ku kibuga c’indege c’i Kabul. Amerika yaciye irungika misile ikoresheje drone, ica igwa ku muryango warimwo umunyefuganistani akorera ishirahamwe ry’abanyamerika ritanga imfashanyo.
Raporo ya mbere yakozwe n’igisirikare ca Amerika yemeje ko ico gitero cahitanye inzirakarengane ariko kandi Amerika iremera ko ryabaye ikosha. (AFP)
Facebook Forum