Uko wahagera

Igitero ku Bitaro Bikuru vya Gisirikare muri Afuganistani Cahitanye 15


Ibitaro vyagabweko igitero
Ibitaro vyagabweko igitero

Abantu n’imuburiburi 15 baguye mu gitero abitwaje ibirwanisho bagavye ku bitaro bikuru vya gisirikare I Kabul ku murwa mukuru wa Afugansitani. Mu birwanisho vyakoreshejwe harimwo n’ibisasu vyo mu bwoko bwa bombe.

Umutalibani yatanze ano makuru ntashime ko amazina yiwe atangazwa yavuze ko abakomerekeye muri ico gitero ari benshi. Ibimenyeshamakuru vyegukira Reta ya Afuganistani vyavuze ko iki gitero cagabwe na rimwe mu mashami y’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu.

Bilal Karimi ari mu bavugizi ba Reta y’Abatalibani yemeye guhava agira ico avuze mu masaha ari imbere, ariko asigura muri make ko bombe ya mbere yatewe mu bwinjiriro bw’ivyo bitaro, iya kabiri iterwa imbere mu bitaro.

Hagati aho, abasirikare b’abatalibani boba bamaze umwanya batana mu mitwe n’abagavye ico gitero ata n’umwe ariyitirira. Kuva abatalibani bafata ubutegetsi, ibitero bigabwa n’ishami rya ISIS ryitwa IS-Khorasan vyaragwiriye. Ahanini abarwanyi b’uwo murwi batera ahari ibirindiro vy’abatalibani n’aba Isilamu b’aba Shi’ite.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG