Uko wahagera

Burkina Faso: Umushikiranganji wa Mbere na Reta Bahisemwo Gukinjura


Umushikiranganji wa mbere wa Burkina Faso, Christophe Marie Joseph Dabire
Umushikiranganji wa mbere wa Burkina Faso, Christophe Marie Joseph Dabire

Umushikiranganji wa mbere wa Burkina Faso na reta yari arongoye batanze imihoho kuri uyu musi wa gatatu. Avuga ko yabikoze kumvo z’umutekano muke urangwa mu gihugu. Ni mu gihe abanyagihugu barushiriza gukora imyiyerekano biyamiriza abategetsi bananiwe guhagarika ibitero vy’iterabwoba bimaze guhitana ibihumbi vy’abantu.

Perezida Roch Marc Christian Kabore, yemeye itanga imihoho ry’uwo mushikiranganji wa mbere, Christophe Joseph Marie Dabire. Itanga imihoho ry’umushikiranganji wa mbere risaba ko na reta yose arongoye ica imukurikira, nkuko ibwirizwa shingiro ry’igihugu ribivuga.

Inyuma yo gutanga imihoho, Dabire yasavye abanyagihugu gushigikira perezida hamwe n’iyindi reta izoshirwaho.

Ibitero vy’abajihadiste bibandanya vyiyongera kandi bihitana ubuzima bw’abantu muri Burkina Faso kuva mu 2015. Bimaze guhitana abanyagihugu 2000 n’abarenga umuriyoni 1.4 bakuwe mu ngo zabo n’intambara. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG