Uko wahagera

Burkina Faso Bagiriza Inteko z'Ubufaransa Gufasha Iterabwoba


Abakora Imyiyerekano n'ivyapa vyanditseko amajambo yanka Abasirikare b'Ubufaransabari muri Burkina Faso, kw'itariki ya 16/11/2021
Abakora Imyiyerekano n'ivyapa vyanditseko amajambo yanka Abasirikare b'Ubufaransabari muri Burkina Faso, kw'itariki ya 16/11/2021

Abakora imyiyerekano muri Burkina Faso barakoraniye hamwe mu micungararo y’umurwa mukuru, Ouagadougou, bazibira urukurikirane rw’imodokari z’abasirikare b’Ubufaransa zariko zigerageza kuja mu gihugu kibanyi ca Nijeri.

Kuri uyu w’Imana abantu bava ku 150 gushika ku 200 bahuriye mu micungararo ya Ouagadougou guhagarika urwo rukurikirane rw’imiduga y’igisirikare c’Ubufaransa, yari igira yinjire ku murwa mukuru, iciye mu gisagara ca Kaya. Kuva ku musi wa kane gushika kuwa gatandatu w’indwi iheze, abakora imyiyerekano i Kaya, ku birometero 97 mu buraruko bw’umurwa mukuru barazibiye abo basirikare.

Abo banyagihugu bavuze ko bibaza ko izo modokari za gisirikare zari zitwaye ibirwanisho ku mihari y’iterabwoba yakwiragiye muri Burkina Faso, kandi imaze kwica ibihumbi vy’abasivile n’abajejwe umutekano mu myaka itandatu iheze.

Abasirikare b’Ubufaransa bari muri ako karere kurwanya abarwanyi b’imihari y’iterabwoba ishamikiye kw’idini rya kiyisilamu. Abenegihugu ba Burkina Faso ariko bavuga ko bashavujwe n’uruhara rw’Ubufaransa mu mutekano muke urangwa mu gihugu cabo, bituma iryo shavu barita ku nteko zabwo. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG