Uko wahagera

Abantu Amajana Baraburiwe Irengero muri Burkina Faso


Imihana y'i Solhan Burkina Faso
Imihana y'i Solhan Burkina Faso

Irengero ry'abantu amajana n'amajana muri Burkina Faso ntirizwi mu gihe ubwicanyi bukorwa n'intagondwa z'abayislamu butera bukomera kurushiriza. Ubwo bwicanyi bumaze guhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi, abandi barenga umuliyoni barava mu zabo.

Abantu irengero ryabo ritazwi biyongeye incuro zine mu kuva kw’i 104 bashika ku 407 hagati y’umwaka w’i 2019 n’umwaka w’i 2020, nkuko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutabara imbabare.

Umuyobozi ajejwe gukingira abanyagihugu muri iryo shirahamwe akorera muri Burkina Faso, Marina Fakhouri, avuga ko intambara ishobora gutuma imiryanggo itandukana, abantu bakazimangana. Amenyesha ko batewe impungenge n’igitigiri c’imiryango iza kubitura imenyesha ko ifise ababo irengero ryabo ritazwi kandi ko ikeneye gufashwa.

Imbere yaho, abantu barabuzwe irengero ryabo muri Burkina Faso bivuye ku bantu barondera kuja mu bindi bihugu, imyuzure n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe. Yamara ivyo bitigiri vyariyongeye kubera ubwicanyi n’uruhagarara.

Gutora abantu irengero ryabo ritazwi mu gihe c’intambara n’abantu bava mu zabo ikivunga n’igikorwa kitoroshe na gato.

Mu gihe imwe mu miryango yagiriza intagondwa z’abayisilamu ku babo bazimangana, abandi benshi batunga urutoke inteko zijejwe umutekano ko arizo zibifisemwo uruhara rukomeye cane. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG