Uko wahagera

Ubumwe bwa Bulaya Bwongereje Ibihano kuri Biyerorusiya


Perezida wa Biyerorusiya Alexander Lukashenko.

Abadiplomate b’ubumwe bwa Bulaya bumvikanye kuri uyu wa gatatu kwongereza abantu hamwe n’ayandi mashirahamwe ku rutonde rw’abafatiwe ibihano muri Biyerorusiya.

Ubumwe bwa Bulaya bwagiriza ubutegetsi bwa perezida Alexander Lukashenko gutera ubutaka bwabwo mu kurungika ibihumbi vy’abimukira bava mu karere ko mu buseruko bwo hagati ku mbibe za Polonye na Lituwaniya.

Umwe mu bategetsi muri uyo muryango, ibi bihano bishasha vyafatiwe abandi bantu bashasha 17 n’amakompanyi 11.

Kuri uyu wa gatatu nyene, Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze ko igiye na yo gutangaza ibindi bihano bishasha kuri Biyerorusiya.

Ubumwe bwa Bulaya buza bwari bwarafatiye ibihano abantu 116 n’amashirahamwe, harimwo Perezida Lukashenko na babiri mu bahungu biwe. Bagirijwe guhohotera abanyagihugu bari mu myiyerekano yahakana ivyavuye mu matora yo mu 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG