Uko wahagera

Burkina Faso: Igisirikare Cemeza ko Cishe Abarobeli 30 Gifata 300


Umusirikare wa Burkina Faso mu myimenyerezo ya gisirikare i Ouagadougou, muri Burkina Faso
Umusirikare wa Burkina Faso mu myimenyerezo ya gisirikare i Ouagadougou, muri Burkina Faso

Reta ya Burkina Faso yavuze kuri uyu wa kabiri ko yishe abakora iterabwoba bashika 30 yongera ifatamwo 300. Hari mu bikorwa vya gisirikare vyabereye ku rubibe ico gihugu gihana na Cote d’Ivoire, Ghana na Togo mu ndwi iheze.

Umushikiranganji wa Burkina Faso ajejwe umutekano, Maxime Kone, yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyo bitero vyakozwe kuva hagati y’amatariki ya 21 na 27 y’ukwezi kwa cumi na kumwe. Abasirikare bashika 6.000 bava muri ivyo bihugu bine ni bo barungitswe kurwanya abakora iterabwoba.

Mu bikorwa vyabo vyo gukizura, guhagarika uruja n’uruza rw’abantu hamwe no kurondera mu bice bikekwamwo izo nkozi z’ibibi, izo nteko zarafashe abakekwa iterabwoba 300, benshi muri bo bari basanzwe baronderwa. Ibirwanisho bicira umuriro 53, amasasu atari make, imodokari 150 hamwe n’amapikipiki vyarafashwe.

Umushikiranganji Kone avuga ko muri Burkina Faso honyene, amakambi atanu y’abakora iterabwoba yasambuwe, eka n’abakora iterabwoba 30 baricwa mu mirwano yabaye ku rubibe na Cote d’Ivoire.

Ariko uwo mutegetsi ntiyavuze nimba hari abapfuye ku ruhande rw’inteko za reta n’ibihugu bafadikanije muri urwo rugamba. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG