Uko wahagera

Burkina Faso: Igitero c'Intagondwa Cahitanye Abajandarumwe 19


Abasirikare ba Burkina Faso mu gukizura i Gorom Gorom, mu buraruko bw'igihugu
Abasirikare ba Burkina Faso mu gukizura i Gorom Gorom, mu buraruko bw'igihugu

Abakekwa kuba intagondwa z’abajihadiste bishe abajandarume bashika kuri 19 hamwe n’umusivile umwe mu gitero bakoze mu gatondo ka kare kuri uyu w’Imana mu buraruko bwa Burkina Faso.

Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare yavuze ko iki gitero cakorewe abajandarume bo ku kirindiro c’igiporisi c’ahitwa Inata, mu gihe umushikiranganji ajejwe umutekano, Maxime Kone, na we yavuze ko bamwe mu barokotse bamenyekanye aho bari, abandi bakironderwa.

Ibitero vy’abajihadiste hamwe n’imitego mu mabarabara vyitirirwa imihari ishamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu na Al-Qaeda, bimaze guhitana abantu barenga 2.000 hamwe n’abarenga umuriyoni n’ibihumbi 400 bamaze guta ingo zabo muri Burkina Faso.

Mu ndwi iheze abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi muri ico gihugu basavye reta guhangana mu buryo buboneka no gutuza iyo migwi y’abicanyi. Bagabisha ko bashobora kuzokwihereza amabarabara basaba itanga imihoho rya Perezida Roch Marc Christian Kabore mu gihe atacohinduka mu bijanye n’umutekano mu gihugu. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG