Uko wahagera

Perezida Macron Avuga ko Ababajwe n'Abimukira 31 Bapfiriye mu Mazi


Abimukira bashika kuri 31 bapfuye kuri uyu wa gatatu, igihe ubwato barimwo bava mu Bufaransa berekeza mu Bwongereza bwibira mu mazi bugeze ku kivuko c’i Calais, mu buraruko bw'Ubufaransa. Abategetsi b’Ubufaransa ni bo babitangaje.

Perezida Emmanuel Macron, yavuze ko Ubufaransa butagiye kwemera ko uwo muhora uba itongo ry’abapfuye. Yemeye ko agiye kurondera abagize uruhara muri ako kaga, mu gihe ubucamanza bwuguruye amatohoza.

Uwo mukuru w’Ubufaransa yaciye atumako inama yihuta y’abashikiranganji b’ibihugu mw’ishirahamwe rya Bulaya begwa n’ikibazo c’abimukira. Umushikiranganji wiwe w’intwaro mu gihugu hagati, Gerald Darmanin, yasavye ko amakungu atora inyishu ikomeye kuri ico kibazo. Darmanin yatangaje ko abantu bane bakekwa kugira uruhara muri urwo rupfu bamaze guhagarikwa.

Abapfuye bari mu bimukira 50 bandurutse mu bwato bava Dunkirk mu buseruko bw’igisagara Calais, nkuko bivugwa n’igiporisi.

Abategetsi b’Ubufaransa bavuga ko abantu 31.500 bagerageje kuja mu Bwongereza kuva mu ntango z’uyu mwaka kandi 7.800 batabawe mu mazi yo mw’ibahari, ibiharuro vyiyongereye incuro zibiri kuva mu kwezi kwa munani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG