Uko wahagera

Kenya: Abatazokwiteza Incanco za Covid-19 Bazimwa Serevisi za Reta


Umuforoma ariko aratera umunyagihugu urucanco rwa AstraZeneca ku bitaro vy'abakenyezi vy'i Mbagathi i Nairobi, Kenya, Kw'itariki 9/07/2021.

Umushikiranganji wa Kenya w’amagara y’abantu yatangaje ko umuntu wese atazoba aricandagisha incanco zose zisabwa za COVID-19 gushika kw’itariki ya 12 z’ukwezi kwa cumi na kabiri azobuzwa kwinjira mu biro vya reta gusaba ico akeneye. Ibindi azobuzwa ni kuja ahakoranira abantu benshi, kwinjira muri parike, mu mahoteli, mu mazu y’uburiro n’ay’ubunywero.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Mutahi Kagwe, ku musi w’Imana yatangaje ingingo nshasha zitumbereye guhamagarira abenegihugu kwicandagisha imbere yuko umwaka urangira.

Reta ya Kenya ivuga ko iyi ngingo itumbereye ko igihugu gishika kw’ihangiro cihaye ryo gucandaga imiriyoni 10 z’abantu gushika mu mpera z’uyu mwaka.

Kugeza ubu, abantu bashika imiriyoni 6.5 baramaze gucandagwa kuva isekeza ritanguye. Muri abo, imiriyoni 2.4 ni bo bamaze guhabwa doze zisabwa, ni ukuvuga ibice 10 kw’ijana vy’abanyagihugu bakuze.

Izi ngingo nshasha zitangajwe mu gihe Kenya igiye kwinjira mu bihe abafata ngendo z’imisi mikuru yo kurangiza umwaka hamwe n’amakoraniro y’abantu benshi ari benshi. Reta ifise ubwoba ko abandura Covid-19 bashobora kwongera kwiyongera nkuko biriko biribonekeza mu bihugu bitari bike vyo ku mugabane wa Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG