Uko wahagera

Kenya: Covid-19 Ibandanya Kugira Ingaruka ku Magara yo mu Mutwe


Ahakorera ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Kenya
Ahakorera ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Kenya

Ikiza ca Corona kimaze kugira ingaruka mbi nyinshi ku magara yo mu mutwe ku batari bake muri Kenya, cane cane impunzi. Mu gihe kw’ isi haraye hahimbajwe umusi mpuzamakungu wahariwe ukuzirikana ingwara zo mu mutwe n’izindi ndengeramutima, muri Kenya amashirahamwe y’abagiraneza ari mu bikorwa vyo kugerageza gufasha impunzi zifise ibibazo vy’akabonge n’ivyo guhahamuka.

Impunzi zisanzwe ari umurwi w’abantu bafise ibibazo vyo guhahamuka kubera guta ingo zabo, ariko kandi ubu bagategerezwa guhangana n’uburyo buke bwo kwibeshaho bivuye ku kiza ca Corona cateye isi yose. Eujin Byun, umuvugizi w’ibiro vya ONU bijejwe impunzi kw’isi avuga ko ibibazo basanze bategerezwa guhangana navyo, vyiyongereye. Ati “ Twasanze incuro zo kuvura ibibazo ndengeramutima dukora buri kwezi vyariyongereye cane, bica biba ngombwa ko twongereza igitigiri c’abaganga n’abahinga kugira bashobore gushikira ingo z’abantu mu buryo butandukanye harimwo no kubahamagara ku matelefone.

Ivyo vyose tubikora mu ntumbero yo gufasha impunzi kuvugwa ingwara zo mu mutwe, kandi zironke n’ababaganiriza ku bibazo ndengeramutima zifise. Muganga Albert Chumo avura abagore n’abana avuga ko ikiza ca Corona cavyuye ibibazo vya kera congera kizana ibindi bishasha vyo mu mutwe. Ati “hari abantu bafise imiryango yabo, bafise abana, ariko bakagenda babata, bakanavuga ko vyoba vyiza bitavye Imana kubera ukwihebura.

HCR ivuga ko ibikorwa vyayo vyo kuvura abantu bafise ibibazo vyo mu mutwe biriko bigenda neza mu buraruko bwa Kenya aho bariko barafasha abantu hakoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi mbona nkubone bwo kuvura umuntu mutari kumwe, aho bari mu bice vy’uburaruko bwa Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG