Uko wahagera

Covid-19: Kenya Yakuyeho Ingingo Ibuza Uruja n'Uruza mw'Ijoro


Ahitwa Dandora i Nairobi muri Kenya
Ahitwa Dandora i Nairobi muri Kenya

Kenya uno musi ku wa gatatu yakuyeho ingingo ibuza uruja n’uruza mw’ijoro yari yafashwe mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w' 2020 mu ntumbero yo guhagarika ikwiragira ry'ikiza ca Covid-19.

Prezida Uhuru Kenyatta ni we yatangaje kuri televiziyo ko igihe co gushimikira ku vyerekeye kubana n’iyo ndwara kigeze. Yamenyesheje ko ibitigiri vy’abantu baja gusenga mu mashengero bishobora kuduga gushika kuri bibiri vya gatatu bivuye ku ca gatatu bari barekuriwe imbere yaho. Abantu bose basabwa kwubahiriza ayandi mabwirizwa nk’ukwambara udufukamunwa.

Prezida Kenyatta avuga ko ikiza ca Covid-19 ataho kiraja, agasaba abanyagihugu gukomeza bubahiriza ingingo zigenewe kukirwanya kugira babandanye intambwe bariko baragira kandi bitume ubutunzi bw’igihugu busubira gutangura neza.

Yasavye abategetsi kubona ko ihinguriro rijejwe gukora incanco z’ukwikingira Covid-19 ritanguye gukora muri Kenya mu kwezi kwa kane kw’umwaka uza w’i 2022. Yashikirije kandi ingingo zigenewe gukomeza ubutunzi bw’igihugu harimwo guha ibitabizo abarimyi.

Kenya imaze kuronka incanco imiliyoni indwi n’ibihumbi amajana atanu gushika ubu. Abantu bashika imiliyoni zine n’ibihumbi amajana atanu baramaze kuronka urucanco rwa mbere nk’uko ibiharuro bivyerekana

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG