Uko wahagera

Turukiya Yarahagaritse Uwukekwa mu Bishe Perezida Moise wa Haiti


Umugwizatunga Samir Handal, ariko arabazwa ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Istanbul, muri Turukiya, kw'itariki ya 15/11/2021
Umugwizatunga Samir Handal, ariko arabazwa ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Istanbul, muri Turukiya, kw'itariki ya 15/11/2021

Abategetsi ba Turukiya barahagaritse umugwizatunga Samir Handal, yaronderwa cane mu bakekwa kuba barishe perezida wa Haiti mu kwezi kw’indwi uyu mwaka, nkuko vyavuzwe n’umushikiranganji wa Haiti w’imigenderanire n’amakungu, Claude Joseph.

Yahagaritswe ku musi wa mbere akaba abaye uwundi mushasha afashwe muri uru ruhigi rw’abishe Jovenel Moïse, mu gihe Haiti iri mu bihe vya poritike bitoroshe, ubukene bw’igitoro, imigwi y’abagizi ba nabi igisibije hamwe n’inzara yunyuwe na nyamugigima yabaye mu kwezi kwa munani.

Handal, yafashwe igihe indege yarimwo avuye muri Amerika yururuka ku kibuga c’indege c’i Istanbul ihasize ingenzi imbere yo kubandanya aho yari igiye muri Yorodaniya. Handal yiyongereye ku gitigiri c’abandi 40 bahagaritswe mu bihugu bitandukanye kw’isi bakekwa kugira uruhara mw’iyicwa rya Perezida Moïse.

Ntibiragaragara nimba uwo mugwizatunga azoca arungikwa muri Haiti, aho abategetsi bibaza ko ari ho yahuriye na Christian Emmanuel Sanon ari kw’isonga ry’abakekwa kuba bateguye iyicwa rya Moise.

Perezida Moïse yiciye ku rugo iwe mu masaha y’agatondo kw’itariki 7 z’ukwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG