Uko wahagera

Haiti: Umushikiranganji wa Mbere mu Bakekwa Kwica Perezida Moise


Ariel Henry, umushikiranganji wa mbere wa Haiti

Umushikiranganji wa mbere wa Haiti, Ariel Henry, kuri uyu wa kabiri yarahagaritse mu mabanga umushikirizamanza mukuru yariko amwegekako ivyaha vyo kuba ari mu bakekwa kwica Perezida Jovenel Moise. Uru rupfu rwatumye igihu kija mu ruhagarara rwa poritike.

Moise yishwe arashwe kw’itariki y’indwi ukwezi kw’indwi nyene, igihe abicanyi binjira mu nzu yiwe ku murwa mukuru Port-au-Prince.

Henry, umunyaporitike akaba n’umuganga, yagenwe na Moise mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere, mu misi y’imbere ry’urupfu rwiwe. Ariko ibirego vy’uko ashobora kuba yaragize uruhara mw’igandagurwa rya perezida Moise biriko birashirwa ahabona.

Umushikirizamanza akuwe, Bed-Ford Claude yavuze mu ndwi iheze ko hari amaterefone yumvirijwe yerekanye ko umushikiranganji wa mbere Henry yavuganye kuri terefone kabiri n’umugabo avugwa ko yari ku mutwe w’abishe Moise mw’ijoro iryo bara ryagwiriye.

Umushikirizamanza mukuru wa Haiti akuwe, ejo kuwa kabiri yari yasavye umucamanza gukurikirana umushikiranganji wa mbere Ariel Henry ku rupfu rwa perezida, yongera asaba abategetsi kumubuza kuva mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG