Uko wahagera

Sudani: Abajejwe Umutekano Barishe 6 mu Bari mu Myiyerekeno


Abanyesudani bari mu myiyerekano ku murwa mukuru Karthoum
Abanyesudani bari mu myiyerekano ku murwa mukuru Karthoum

Abajejwe umutekano muri Sudani bararashe bakoresheje amasasu yica bongera batera imyuka ikoroza amosozi ku banyagihugu bari mu mwiyerekano basaba ubutegetsi bugendera kuri demokarasi ku musi wa gatandatu, bica abantu bashika kuri batandatu.

Ishirahamwe ry’abaganga muri Sudani ryavuze ko abantu batanu biciwe ku murwa mukuru Khartoum no mu gisagara ca Omdurman. Bavuze kandi ko abandi batari bake bakomeretse, harimwo n’abakomerekejwe n’amasasu.

Iyi myiyerekano yo ku musi wa gatandatu yabaye inyuma y’imisi ibiri, jenerali Abdel-Fattah al-Burhan, arongoye akagwi k’abasirikare batembagaje ubutegetsi yigenye kuba umukuru wa reta mfatakibanza.

Amamiliyoni y’abanyagihugu aramaze gukora imyiyerekano isaba intwaro ishingiye kuri demokarasi kuva reta ya Sudani y’abasivile itembagajwe kw’itariki ya 25 z’ukwezi kwa cumi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’abaganga bo muri Sudani bavuga ko hafi abantu 15 bamaze kwicwa bahorwa kuba bariko bakora imyiyerekano yo kugaragaza akari ku mitima yabo. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG