Uko wahagera

Sudani: Batatu Baraye Baguye mu Myiyerekano y'Abiyamiriza Kudeta


Abakoze imyiyerekano muri Sudani
Abakoze imyiyerekano muri Sudani

Abantu batatu baraye baguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza abahiritse ubutegetsi muri Sudani. Bompi uko ari batatu bahitanywe n’amasasu yamijaguwe na polisi mu biyerekana.

Kuva ku wa mbere imyiyerekano yiyamiriza kudeta yakozwe na Jenerali Abdel-Fattah Burhan itangura, abamaze kuyirwamwo ni 12. Abiyerekanye ejo biyerekaniye ku murwa mukuru, Khartoum, n’ibindi bisagara binini vya Sudani. Baririmba indirimbo zisaba Jenerali Burhan gusubiza ubutegetsi, bamubwira ko batazova mw’ibarabara atabusubije.

Abanyagihugu bakomoka muri Sudani ahandi biyerekaniye ni I Washington DC ahakorera inama nshingamateka hamwe n’imbere y’ingoro y’umukuru w’igihugu, White House. Abakoreye imyiyerekano muri ivyo bibanza basaba Amerika kudashigikira ico bise “ Ubutegetsi bw’igitugu bwa gisiririkare muri Sudani”

Mu butumwa umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu Antony Blinken yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yasavye Sudani kubahiriza agateka ka zina muntu yongera asigura ko Amerika iri ku ruhande rw’abanyagihugu bariko baharanira demokarasi. Ubutegetsi muri Sudani bwahiritswe n’abasirikare ku wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG