Uko wahagera

Abatembagaje Ubutegetsi muri Sudani Bahanganye n'Ababiyamiriza


Jenerali Abdel Fattah al- Burhan ari imbere mu basirikare batembagaje ubutegetsi muri Sudani
Jenerali Abdel Fattah al- Burhan ari imbere mu basirikare batembagaje ubutegetsi muri Sudani

Igisirikare ca Sudani kirahanganye n’abatavuga rumwe naco babandanije kuba benshi mu kwiyamiriza kudeta. Uyu musi ku wa kane abategetsi ku murwa mukuru Kartoum barahiye bararengwa ko batazokwemera amategeko ya gisirikare, bongera baratangaza ko bazofatanya n’abaharanira inyungu z’abanyagihugu mu gutunganya imyiyerekano ikomeye mu mpera z’iyi ndwi.

Itembagazwa ry’ubutegetsi bwa gisivile ryatunganijwe na General Abdel Fattah al- Burhan ku musi wa mbere, ryaratumye abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bihereza amabarabara, biyamiriza intwaro ya gisirikare kandi basaba ko ubutegetsi busubizwa mu minwe y’abasivile.

Mw’itangazo ryacishijwe ku rubuga Facebook, abashikiriranganji hamwe n’abandi bategetsi bo ku murwa mukuru Khartoum ugwiriyemwo Abanyasudani benshi, batangaje ko batazotanga imihoho kandi ko batazokwemera gusubiza ubutegetsi abasirikare.

Ibihugu bikomeye vyo mu burengero birabandanya gushigikira reta ya gisivile. Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken, yanditse ubutumwa bugufi kuri Twitter amenyesha ko yavuganye kuri telephone n’umushikiranganji wa Sudan ajejwe imigenderanire, Mariam Sadiq al- Mahdi. Yavuze ko baganiriye ukuntu Reta Zunze Ubumwe za Amerika zofasha Abanyasudani kugarukana reta y’imfatakibanza ya gisivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG