Uko wahagera

Abanyeshure 94 Baranyurujwe, Batatu Baricwa mu Buraruko bwa Nijeriya


Ishure rigaragara inyuma y'aho abanyeshure banyururijwe i Tegina, muri Nijeriya, kw'itariki ya 1/06/2021
Ishure rigaragara inyuma y'aho abanyeshure banyururijwe i Tegina, muri Nijeriya, kw'itariki ya 1/06/2021

Abana batatu b’abanyeshure barapfuye inyuma y’aho habaye kunyuruza abanyeshure 94 hamwe n’abigisha 8 muri iyi ndwi mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya.

Igisirikare cavuze ko kimaze kurokora abigisha batatu hamwe n’abanyeshure umunani, kandi ko cishe umwe muri abo babanyuruje.

Abanyeshure babiri b’abakobwa hamwe n’umuhungu umwe ni bo batowe ibiziga, babiri babasanzeko ibikomere vy’amasasu ku maguru, nkuko Mustapha Yusuf, umuyobozi mukuru w’amashure yo mu gisagara ca Birnin Yauri, muri iyo reta ya Kebbi iri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu yabivuze.

Igisirikare cavuze ko abo cise abasuma bakoresheje telephone y’umwe muri abo banyeshure, baterefona abavyeyi b’abo basaba imiriyoni 60 z’ama-naira akoreshwa muri ico gihugu, angana ibihumbi 146,341 vy’amadolari kugira babarekure.

Kuva mu mwaka wa 2020, kunyuruza abanyeshure basaba amafaranga kwariyongereye mu buraruko bwa Nijeriya.

Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG