Uko wahagera

Abigisha Batatu muri Nijeriya Banyurujwe n'Abitwaje Inkoho


Kw'ishure ry'ubuhinga ry'i Kankara muri Nijeriya
Kw'ishure ry'ubuhinga ry'i Kankara muri Nijeriya

Reta ya Nijeriya yavuze ko abagabo bitwaje inkoho kuri uyu wa mbere banyuruje abigisha batatu bo mw’ishure ry’intango rya reta muri reta ya Kaduna, mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Iri nyuruza ry’abantu ribaye haheze imisi ine abanyeshure 39 bo mw’ishure ryisumbuye banyurujwe n’akagwi k’abantu b’abasuma mu micungararo y’igisagara ca Kaduna.

Umutegetsi wo muri reta ya Kaduna, Samuel Aruwan, yavuze ko abo bigisha batatu bakuwe kw’ishure ry’intango rya Rema, mu gisagara ca Birnin Gwari, igihe abanyeshure bari bashitse kwiga mu gatondo.

Yavuze ko ata banyeshure banyurujwe kiretse babiri bari baburiwe irengero ariko mu nyuma bahavuye batorwa.

Utugwi tw’abantu bari basanzwe bazwi ko ari abasuma bo mu buraruko bushira uburengero no hagati muri Nijeriya, baciye baja mu kunyuruza abanyeshure mu kivunga, kugira baronswe amafaranga imbere yo kubarekura.

Kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, hamaze kunyuruzwa abantu kivunga incuro zishika zitanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG