Uko wahagera

Muri Nijeriya Abanyeshule b’Abigeme Banyurujwe


Irengero ry’abo bana b’abakobwa ntirizwi inyuma y’aho umurwi w’abantu bitwaje ibigwanisho babanyururije, babakuye mw’ishule rikuru rya reta ryitwa, Jangebe, mu reta ya Zamfara.

Nasiru Abdullahi, umuvyeyi w’abana b’abakobwa babiri bafise imyaka 10 na 13 bari mu banyurujwe, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AP kw’abakobwa 300 aribo banyurujwe.

Musa Mustapha aba mu micungararo y’iryo shule, iryo bara ryabereyeko, avuga kw’abo bagizi banabi bitwaje ibigwanisho bateye kandi ikampi ya gisirikare hamwe n’’ikirindiro c’abajejwe umutekano, mu ntumbero yo kubabuza kuja gutabara.

Muri iyo reta ya Zamfara hari imirwi myinshi yitwaje ibigwanisho, reta ivuga kw’ari imirwi y’ababandi bama banyuruje abantu, bakabarekura ari uko bahawe amafaranga y’ingwati, canke reta ibanje kurekura ababo bari mu mabohero.

Igihugu ca Nigeria cama cabereyemwo ibitero nk’ivyo: Mu mwaka 2014, abarwanyi bo mu murwi Boko Haram, baranyuruje abana b’abakobwa 276 biga kw’ishule Chibok, muri reta ya Borno. Gushika ubu, abarenga ijana muribo, ntirabatorwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG