Uko wahagera

Sudani: Ahmed Haroun Aronderwa na CPI ku Vyaha vyo mu Ntambara


Kw'itariki ya 2/05/2011, Ahmed Haroun, kandida w'umugambwe National Congress Partymuri reta ya South Kordofan.
Kw'itariki ya 2/05/2011, Ahmed Haroun, kandida w'umugambwe National Congress Partymuri reta ya South Kordofan.

Umushikirizamanza mukuru wa CPI, yasavye Sudani gutanga Ahmed Haroun, yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara mu ntara ya Darfur, akazotwarwa kuburanishwa hamwe n’uwo bahoranye ku butegetsi.

Fatou Bensouda yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Khartoum kuri uyu wa gatatu, inyuma yo kurangiza urugendo yari amazemwo imisi ibiri muri Darfur. Ni urugendo rwa mbere rugizwe n’umutegetsi wa CPI kuva ONU isaba iyo sentare kwihweza ivyabaye muri iyo ntambara, haraheze imyaka 16.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abantu 300 000 bishwe, abandi imiriyoni 2 n’ibihumbi 500 bakurwa mu vyabo n’iyo ntambara. Haroun ni umwe mu bahoze ku butegetsi muri Sudani, bagirizwa na CPI kugira uruhara mu bwicanyi bwabaye mu ntara ya Darfur, barimwo uwahoze ari perezida Omar al-Bashir, na Ali Muhammad Ali Abd-Al-Rahman, yahoze arongoye umuhari Janjaweed.

Reta mfatakibanza ya Sudani imaze igihe mu biganiro na CPI. Bensouda yavuze kandi kuri uyu wa gatatu ko yagiraniye ibiganiro vyiza kandi vyubaka n’abategetsi ba Sudani kw’irungikwa muri CPI rya Bashir n’abahoze ari abafasha biwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG