Uko wahagera

CPI Yatanguye Kwumviriza Ibiregwa Umunyesudani Ali Kushayb


Umunyesudani Ali Kushayb agitangura kugaragara muri CPI, kw'itariki ya 15/06/2020
Umunyesudani Ali Kushayb agitangura kugaragara muri CPI, kw'itariki ya 15/06/2020

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yatanguye kwumviriza abafise ivyemeza ku vyagirizwa umunyasudani, Ali Muhammad Ali Abd-Al-Rahman, azwi kandi kw’izina rya Ali Kushayb. Yahoze arongoye umuhari w’abarwanyi, yagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa mu ntara ya Darfur.

Iri yumviriza ni ryo rizokwemeza nimba urubanza rwa Kushayb ku vyaha 31 yagirizwa vyo mu ntambara hamwe no ku kiremwa muntu rutangura kuburanishwa.

Mw’ijambo ryiwe ryo kuri uyu wa mbere imbere y’iyo sentare, umushikirizamanza mukuru wa CPI, Fatou Bensouda, yise Ali Kushayb ko ari we ari ku mutwe w’ubwicanyi bwabaye mu 2003 na 2004, igihe reta ya Sudani yariko irarwana n’umuhari wiwe mu ntara ya Darfur.

Kushayb yafashwe inyuma y’aho we nyene ubwiwe yishikaniye ku bategetsi bwa Repubulika ya Centrafrika mu mwaka uheze, mu nyuma aca arungikwa muri CPI i LaHaye mu Buholande. Iyo sentare yamusohoreye umutahe mu kwezi kwa kane 2007.

Umuvugizi wa CPI, Fadi El Abdallha, yavuze ko uku kumviriza abatanga ivyemeza vyitezwe ko kumara imisi ine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG