Umushikirizamanza mukuru wa CPI asaba reta mfatakibanza ya Sudani gutanga abakekwa kuba barakoze ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’ihonyabwoko mu ntara ya Darfur, basanzwe barasohorewe imitahe n’iyo sentare.
Fatou Bensouda yashitse mu ntara ya Darfur, mu burengero bwa Sudani ku musi wa gatandatu, kubonana n’abategetsi hamwe n’abanyagihugu bo muri iyo ntara bahuye n’ingaruka z’ubwo bwicanyi. Umwe mu baronderwa na CPI ni uwahoze arongoye Sudani, Omar al-Bashir, ubu afungiwe mw’ibohero i Khartoum kuva agikurwa ku butegetsi mu kwezi kwa kane 2019.
Reta mfatakibanza ya Sudani yaherutse ivuga ko abakekwa gukora ivyaha vyo mu ntambara barimwo al-Bashir bazoburanishwa na CPI, ariko ikibanza bazoburanishirizwamwo izo mande zibiri ziracakiganirako.
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha iza yaraciriye urubanza umukuru w’abarobeli, Abdulla Banda, uwo irengero ryiwe ritazwi, hamwe n’umukuru w’aba Janjaweed, Ali Kushayb, mu ndwi iheze yegetsweko ivyaha vyo mu ntambara no guhohotera ikiremwa muntu.
Facebook Forum