Uko wahagera

Hafi Ica Kabiri c'Abasirikare ba Amerika Baravuye muri Afuganistani


Ibendera rya America rimanurwa mu birori vyo gushikiriza ikambi ya Anthonic, mu ntara ya Helmand mu bumanuko bwa Afuganistani, kw'itariki ya 2/05/2021.
Ibendera rya America rimanurwa mu birori vyo gushikiriza ikambi ya Anthonic, mu ntara ya Helmand mu bumanuko bwa Afuganistani, kw'itariki ya 2/05/2021.

Reta zunze ubumwe za Amerika iriko irihutisha gukura abasirikare bayo muri Afuganistani, aho abari muri ico gikorwa bavuga ko hafi ica kabiri c’abasirikare n’ibirwanisho vyabo barungitswe muri Amerika, kandi bimwe mu bikoresho vyarasambuwe.

Ubutegetsi bwa gisirikare bw'Amerika kuri uyu wa kabiri bwavuze ko itahukanwa ry’abo basirikare rigeze ku bice biri hagati ya 30 na 44 kw’ijana, mu gihe ibigo bitandatu barimwo bimaze guhabwa abasirikare ba Afuganistani, amakambi asigaye akazotangwa mu misi canke indwi ziri imbere.

Abategetsi ba Afuganistani bavuze mu kwezi guheze ko abasirikare ba Amerika bavuye mu kigo gikomeye cagenzura indege c’i Kandahar, ahari ibikoresho bikomeye vyo gucungera umutekano, kandi hari abasirikare hafi 30 000 b’inteko mvamakungu.

Perezida wa Amerika, Joe Biden yatangaje mu kwezi kwa kane ko abasirikare ba Amerika bose bazoba bavuye muri Afuganistani mu ntango z’ukwezi kw’icenda, inyuma y’imyaka 20 bazoba bamazeyo bwarwanya Abatalibani na al-Qaida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG