Uko wahagera

Kazoza ka Afuganistani Inyuma y'Itahuka ry'Inteko z'Amerika Ntikazwi


Umuhanuzi mu bijanye n'umutekano, Jake Sullivan, mu nama na Perezida Joe Biden, muri White House, i Washington, kw'itariki ya 1/03/2021
Umuhanuzi mu bijanye n'umutekano, Jake Sullivan, mu nama na Perezida Joe Biden, muri White House, i Washington, kw'itariki ya 1/03/2021

Umuhanuzi mu bijanye n’umutekano mu gihugu muri perezidanse ya Reta zunze ubumwe za Amerika, avuga ko ata n’umwe azi ibizokurikira muri Afuganistani igihe Perezida Joe Biden azokurirayo abasirikare basigayeyo bava ku 2 500 gushika kuri 3500.

Jake Sullivan, yabwiye Televiziyo nyamerika, Fox News, kuri uyu w’Imana ko ico Amerika ishobora kuzokora ari ugusigira abasirikare ba Afuganistani ibikoresho vya gisirikare, imyimenyerezo ihagije, kugira bazobandanye birwanira. Ikindi ni ugufasha abanyagihugu na reta ya Afuganistani.

Ingingo ya Perezida Biden yo gukurayo abasirikare basigaye ntibonwa kumwe muri Amerika. Umwe mu bategetsi b’abarepublikani, Senateri Mitch McConnell, arongoye abarepublikani muri Sena, yayise “Ikosha rikomeye cane” no “Kworohereza umwansi”.

Eka n’abademokrate bamwe barashikirije amakenga kuri iyo ngingo. Senateri Robert Menendez, arongoye komite ya sena ikurikirana ivy’imigenderanire n’amakungu, yavuze ko Amerika ishobora kuzotakaza ivyo yariko irarondera kuzoshikako.

Ariko abandi bashingamateka bavuga ko hari hararenze cane gutahukana abo basirikare ba Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG