Uko wahagera

ONU: Ibitero vya Isirayeli muri Gaza Bishobora Kwitwa Ivyaha vyo mu Ntambara


Abanyapalestina bariko baraba ivyabomowe n'ibitero vy'indege za Isirayeli i Gaza, inyuma y'aho ihagarikwa ry'intambara ritanguriye kuja mu ngiro.
Abanyapalestina bariko baraba ivyabomowe n'ibitero vy'indege za Isirayeli i Gaza, inyuma y'aho ihagarikwa ry'intambara ritanguriye kuja mu ngiro.

Umutegetsi w’ikigo ca ONU cita ku burenganzira bwa muntu, Michelle Bachelet yavuze kuri uyu wa kane ko ibitero vy’indege za Isirayeli muri Gaza bishobora kwitwa ivyaha vyo mu ntambara, mu gihe roketi za Hamas kwari uguca kubiri y’amategetko mpuzamakungu.

Bachelet yavuze ivyo mu nama idasanzwe y’akanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu. Yasavye ko haba itunganywa ry’inama y’ibihugu vyo mu muryango w’abayisilamu, asaba n'amatohoza mpuzamakungu kw’ihungabanywa ry’agateka ka muntu muri Isirayeli, i Gaza no muri Cisjordaniya.

Yavuze ko igihe intambara yatangura, umuhari Hamas hamwe n’iyindi mihari y’abarwanyi bateye ibisasu vya roketi muri Isirayeli. Kuko ivyo bitero bidatoranya hagati y’abasirikare n’abasivile, vyitwa uguca kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Isirayeli yagirije akanama ka ONU ku gateka ka muntu kugira aho gahengamiye.

Bachelet yavuze ko ibiro vyiwe vyatohoje abanyapalestina 270 bapfuye i Gaza, muri Cisjordaniya no mu buseruko bwa Yerusalemu, barimwo abana 68, mu mishamirano yabaye muri uku kwezi. Benshi muri bo biciwe muri Gaza igenzurwa na Hamas. Amaroketi ya Hamas yo yishe abantu 10 muri Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG