Uko wahagera

Reta ya Somaliya Yemeye Kuganira n'Abatavuga Rumwe Nayo


Mohamed Hussein Roble named as Somalia's prime minister
Mohamed Hussein Roble named as Somalia's prime minister

Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, ku musi w’Imana yararungikiye ubutumwa abakuru b’intara, abahamagarira mu biganiro, mu cizere co gutorera umuti w’icuka kibi kijanye n’amatora cateye uruhagarara ku murwa mukuru.

Ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika, kiri mu ruhagarara rwa poritike kimazemwo imyaka. Imirwano yaradutse i Mogadishu mu ndwi iheze, inyuma y’aho perezida yiyongereye imyaka ibiri ku butegetsi bidaciye mu matora.

Abarwanyi b’abatavuga rumwe n’ubutegetsi baracari ku murwa mukuru n’aho mu mpera z’indwi iheze, Perezida Mohamed Abdullahi Mohamed yisubiyeko ku ngingo yo kwiyongera ikiringo. Yaciye yemera kandi kuzotunganya amatora.

Perezida yashinze umushikiranganji wa mbere kurondera abatavuga rumwe nawe no kurongora ibiganiro nabo, nkuko bama babisavye.

Umuvugizi wa reta yavuze ko umushikiranganji wa mbere, Mohamed Hussein Roble yatumyeko abategatsi b’amareta atanu yigenga mu burongozi, ku meza y’ibiganiro mu mpera z’uku kwezi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG