Uko wahagera

Prezida wa Somaliya Yasinyiye Kongereza Manda y'Imyaka Ibiri


Abadepite bo muri Somaliya ni bo batoye bemeza ko manda yongerezwa imyaka ibiri tariki ya 12 y'ukwa kane 2021.
Abadepite bo muri Somaliya ni bo batoye bemeza ko manda yongerezwa imyaka ibiri tariki ya 12 y'ukwa kane 2021.

Prezida wa Somaliya ejo ku musi wa kabiri yemeje ingingo y’akagagazo yongereza ikiringo ciwe hamwe n’ica reta yiwe, giteye amakenga Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ishirahamwe rya Bulaya.

Abadashigikiye reta ya Prezida Mohamed Abdullahi bavuga ko ikiringo ciwe carangiye. Amakungu yari yiyamirije umugambi wo kucongereza kandi yari yagabishije ko umurwi al- Shabab ukorana n’umurwi w’iterabwoba al-Qaida, ushobora gufatira kuri urwo ruhagarara rwa politike, ukongereza ibitero vyawo.

Ejo ku musi wa kabiri ku muhingamo ni ho prezida yatera igikumu kuri iryo tegeko ririmwo amahinyu. Muri iyi ndwi inama nshingamateka yo muri Somaliya yatoreye kongereza imyaka ibiri ku kiringo ciwe. Yamara abakenguzamateka bavuze ko iryo tora ryatunganijwe n’abashingamateka riteye kubiri n’amategeko, mu gihe kandi abanyapolitike batavuga rumwe na reta nabo nyene baryiyamirije.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’amakungu, Antony Blinken, yavuze ko reta ya Amerika ibabajwe n’iyo ngingo, yongera avuga ko ishobora no gufatira ibihano ico gihugu, ikanasubira kwihweza imigenderanire naco.

Ishirahamwe rya Bulaya naryo nyene ryari ryagabishije muri iyi ndwi ko kwemeza iryo tegeko bishobora gutuma Abanyasomaliya bacanamwo, n’umutekano mu karere ugahungabana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG