Uko wahagera

Somaliya: Icuka Kibi ca Poritike Catandukiriye Abasirikare


Abasirikare ba Somaliya mu myimenyerezo ya gisirikare
Abasirikare ba Somaliya mu myimenyerezo ya gisirikare

Muri Somaliya, abasirikare badacana uwaka muri reta barasanye kuri uyu w’Imana ku murwa mukuru, Mogadishu, inyuma y’aho ibiganiro vyari vyaratanguye kw’itunganywa ry’amatora bihagarariye.

Abavyiboneye hamwe n’abanyagihugu baba mu gice vyabereyemwo bavuze ko uko kurasana kwabaye hagati y’abasirikare bayoboka Perezida Mohamed Abdullahi Mohamed, hamwe n’abandi basirikare ba reta begamiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Uwabibonye atashimye ko amazina yiwe avugwa ku mvo z’umutekano wiwe, yavuze ko ibi vyabaye mu gihe abanyagihugu bari barangije amafungo ya Ramazani yo ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana.

Aboba bakomeretse canke bapfuye ntibaramenyekana.

Abategetsi ba reta hamwe n’abatavuga rumwe nayo ntibumvikana, kuva kw’itariki ya 12 y’ukwezi kwa kane. Ni itariki aho inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye zafashe ingingo yo kwongereza ikiringo ca reta ihari iyindi myaka ibiri.

Perezida wa Somaliya yasinye itegeko ryo kwongereza ico kiringo ciwe co kuguma ku butegetsi ku musi wakurikiye iyo tariki.

Ambasaderi w’ubumwe bwa Buraya muri Somaliya, Nicolas Berlanga, yeteye akamo asaba abanyasomaliya kwirinda gusubiranamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG