Uko wahagera

Abahinga ba ONU Basaba ko Navalny Yemererwa Kuvurirwa Hanze


Russia Navalny
Russia Navalny

Abahinga bo mu kanama ka ONU kajejwe ivy’agateka ka muntu bavuze kuri uyu wa gatatu ko amagara ya Alexey Navalny, atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya abangamiwe cane kandi bagasaba Uburusiya kumureka akaja kwivuriza mu kindi gihugu.

Abo bahinga basaba abategetsi b’Uburusiya kwemerera Navalny agakurikiranwa n’abaganga biwe kandi bamuhe uburenganzira bwo gusohoka igihugu akaja kurondera ubuvuzi bwihuta nkuko babikoze mu kwezi kwa munani, 2020.

Uwo atavuga rumwe n’ubutegetsi ari mu mvuto kuva mu kwezi kwa mbere, mw’ibohero ricungerewe bikomeye, aho afashwe nabi ku buryo yoba aborezwa igufa, nkuko abo bahinga bavuga.

Ariko abategetsi b’Uburusiya ntaco baravuga ku vyasabwe n’abo bahinga ba ONU.

Navalny yatanguye imyiyerekano yo kudafungura haraheze indwi zitatu, inyuma y’amezi nk’abiri ahagaritswe kw’itariki ya 17 y’ukwezi kwa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG