Uko wahagera

Abasaba Irekurwa rya Navalny Bakajije Akariro mu Burusiya


Ibihumbi vy’abakora imyiyerekano kuri uyu w’Imana bashwabadukiye mu bisagara vy’Uburusiya, basaba irekurwa ry’uwutavuga rumwe n’Ubutegetsi, Alexey Navalny. Bubaye ubugira kabiri mu mpera y’indwi, badatinya guhagarikwa n’ubutegetsi, kandi mu mbeho nyinshi cane.

Navalny yatawe mu mvuto akiva mu Budagi kwivuza ishano yagiriza ko yahawe na reta ya Perezida Vladimir Putin. Yagirizwa na reta y’Uburusiya kutitaba ubutungane ku sango yari yarahawe.

Uburusiya bwarahakanye kugira uruhara mu gushaka kumugandagura, ariko kandi bwaranse kubitohozako, buvuga ko ata vyemeza bufise.

Navalny ashobora kuzofungwa imyaka 3 n’igice.

Hafi mu ndwi iheze, ibihumbi vy’Abarusiya barihereje amabarabara mu myiyerekano, aho abashika 4 000 bahagaritswe mu gihugu cose biyamiriza ifungwa rya Navalny.

Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ibihugu vya Bulaya baraneguye ifungwa ryiwe hamwe n’igikenye reta y’Uburusiya ikoresha ku bakora imyiyerekano. Ibi vyatumye ico gihugu cagiriza ibihugu vyo mu burengero kwivanga mu bibera mu gihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG