Uko wahagera

Uburusiya: Polisi Yasatse kwa Alexei Navalny Utavuga Rumwe n'Ubutegetsi


Alexei Navalny utavuga rumwe n'ubutegetsi.

Igipolisi c'Uburusiya casatse inzu y'umunyapolitike atavuga rumwe na Reta, Alexei Navalny ku murwa mukuru, Moscou.

Igipolisi casatse kandi iyindi nzu yiwe umutambukanyi wiwe abamwo hamwe n’ibiro 2 vy’ishirahamwe ryiwe rirwanya ruswa.

Iyo nkuru yatangajwe n’abafasha biwe uno musi ku wa gatatu bakoresheje imbuga ngurukanabumenyi.

Ivy’uko hari aboba bahagaritswe nyivyamenyekanye buno nyene.

Isakwa ry’inzu n’ibiro vyiwe ribaye mu gihe icuka kibi kiriko kiriyongera hagati y’amakungu n’Uburusiya ku bimwerekeye. Yahagaritswe kw’italiki 17 y’uku kwezi kwa mbere igihe yari agarutse mu gihugu ciwe avuye mu gihugu c’Ubudagi aho yari yagiye kuvurirwa. Yamaze amezi 5 muri ico gihugu ariko atora imitende inyuma yuko ahawe isumu.

Yagirije abategetsi b’Uburusiya ko bari inyuma y’isumu yahawe. Yamara Reta y’ico gihugu irahakana ko hari uruhara yabigizemwo.

Imyiyerekano isaba ko arekurwa yarakozwe mu gihugu cose mu mpera z’indwi irangiye. Abamushigikiye basavye ko haba iyindi myiyerekano ku musi w’Imana w’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG