Uko wahagera

Uburusiya Busaba Amerika "Guhagarika Kwivanga mu Bibazo Vyabwo"


Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Uburusiya busaba Amerika guhagarika kwivanga mu bibazo vyabwo.
Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Uburusiya busaba Amerika guhagarika kwivanga mu bibazo vyabwo.

Abashikirizamanza mu Burusiya bariko basaba ko umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Alexei Navalny, akatirwa umunyororo mu gihe Uburusiya busaba Amerika guhagarika kwivanga mu bibazo vyabwo.

Abo bashikirizamanza batangaza ko boshigikira akigoro ko kumupfunga gushika ku myaka itatu n’igice. Abapolisi bajejwe kurwanya imigumuko barakoresheje inguvu mu gushwiragiza abari mu myiyerekano mu bice bitandukanye vy’Uburusiya ku musi w’Imana.

Iyo myiyerekano yasaba ko Navalny ari mu mvuto muri iki gihe arekurwa. Abantu barenga 5,300 baratawe mu mvuto. Ivyo vyatumye umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika, Anthony Blinken, yiyamiriza ivyo yavuze ko ari ikoreshwa ry’inguvu zikabije ku bari mu myiyerekano irangwa n’amahoro. Yasavye ko Navalny arekurwa.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yatangaje uno musi ku wa mbere ko igihugu ciwe kitazoha agaciro ivyatangajwe na Blinken. Yagabishije abategetsi ba Amerika kudafatira ibihano na bimwe bishasha igihugu ciwe.

Alexei Navalny, afise imyaka 44 muri iki gihe, ari mu mvuto mu kiringo c’imisi 30 inyuma y’uko ahagaritswe agishika mu Burusiya avuye mu Budagi, aho yariko atorera mitende inyuma y’uko ahawe isumu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG