Uko wahagera

Batanu Bakomerekejwe n'Igitero ca Roketi ku Kambi y'Amerika muri Iraki


Umusirikare wa Iraki ahagaze hafi y'indege ya Amerika, F-16, kw'ikambi ya Balad Air muri Iraki, kw'itariki 13/02/2018.
Umusirikare wa Iraki ahagaze hafi y'indege ya Amerika, F-16, kw'ikambi ya Balad Air muri Iraki, kw'itariki 13/02/2018.

Ibisasu bitanu vyo mu bwoko bwa Roketi vyatewe kuri uyu musi w’Imana kw’ikambi ya Balab y’abasirikare barwanira mu kirere muri Iraki, ahasanzwe hari inteko za Reta zunze ubumwe za Amerika.

Abajejwe umutekano bavuze ko ibisasu bibiri vyaguye ahari ikompanyi y’Abanyamerika ikora indege zirwaye, hakomereka abanyamahanga babiri hamwe n’abasirikare batatu ba Iraki.

Nta n’umwe yashotse yiyitirira ico gitero, ariko Reta zunze ubumwe za Amerika itunga urutoke imihari y’abanyaIraki bafashwe mu mugongo na Irani ko aribo bakunze kugaba ibitero nk’ibi ku basirikare bayo no ku badiplomate.

Iyo kambi ya Balab, mu buraruko bwa Baghdad irimwo indege z’Abanyamerika zo mu bwoko ba F-16 hamwe n’amakompanyi akora izirwaye, akoresha abanyagihugu ba Iraki hamwe n’abanyamahanga.

Kuva Perezida Joe Biden ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa mbere, bombe zishika kuri 20 ziramaze guterwa ku nyungu z’abanyamerika, harimwo amakambi arimwo abasirikare ba Amerika. Izindi bombe ziharurwa mu macumi zatewe mu 2019 ku ntwaro ya Donald Trump.

Abanyamerika babiri hamwe n’abasivile ba Iraki baramaze gusiga ubuzima muri ivyo bitero kuva mu mpera za 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG