Uko wahagera

Abateye Roketi 7 ku Kambi y'Abasirikare b'Amerika i Baghdad Ntibaramenyekana


Abarwanyi b'abashiite batera ibisasu vya Roketi muri Iraki
Abarwanyi b'abashiite batera ibisasu vya Roketi muri Iraki

Ibisasu indwi vya Roketi vyatewe ku kambi irimwo abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika mu buraruko bwa Baghdad muri Iraki kuri uyu wa mbere.

Abajejwe umutekano muri Iraki bavuze ko ico gitero cabaye ku mugoroba ku kambi ya Al-Balad ata bantu cahitanye kandi ntaco vyononye hagati muri iyo kambi.

Nta washotse yiyitirira ivyo bisasu.

Hahitiye indwi haterwa ibitero nk’ivyo ku bibanza abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika bakoreramwo.

Kw’itariki 3 z’ukwezi kwa gatatu, umukozi akorera igisirikare ca Amerika yarishwe mu kindi gitero cabaye mu yindi kambi ya Ain Al-Assad, mu burengero bwa Iraki.

Ibi bibaye haheze imisi Amerika iteye bombe ku bubiko bw’ibigwanisho mu gihugu kibanyi ca Siriya, aho ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko hahora hakoreshwa n’abarwanyi bafashwe mu mugongo na Irani.

Perezida Joe Biden yavuze ko ico gitero co mu kwezi kwa kabiri, itariki 25 kwari ukugabisha Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG