Uko wahagera

Abakenyezi muri Afuganistani Bipfuza ko Inteko za Amerika Zigumayo


Abakenyezi bo muri Afuganistani bavuga ko bafise amakenga n’ubwoba inyuma y’aho Amerika itangarije ko izokura muri ico gihugu abasirikare bayo bose gushika kw’itariki ya 11 y’ukwezi kw’icenda. Bavuga ko bakeneye ko amakungu hamwe n’akarere babemerera ko agateka bari barasubiranye mu myaka 20 iheze bazokagumana.

Abakenyezi muri Afuganistani bavuga ko mu gihe Amerika yokura abasirikare bayo muri Afuganistani hatarasinywa amasezerano y’amahoro abaremesha kandi akabaha uburenganzira, akarusho bari bamaze kuronka kazoca gasubira inyuma.

Perezida Joe Biden ku musi wa gatatu yatangaje ko abasirikare ba Amerika bose bazoba bavanywe muri Afuganistani hatarenze itariki ya 11 y’ukwezi kw’icenda.

Abo bakenyezi bavuga ko baza bafise ubwoba kuko bataserukiwe bikwiye mu biganiro vy’amahoro hagati ya reta ya Afuganistani n’Abatalibani.

Kimisiyo yigenga iharanira agateka ka zina muntu muri Afuganistani yavuze ko abakenyezi bashika 14 bishwe abandi 22 barakomereka mu bwicanyi bwabatumbereye kuva mu kwezi kwa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG