Uko wahagera

Amerika Yategetse Abadiplomate Badakenewe Cane muri Myanmar Gutahuka


Ahari ibiro vya Ambasade ya Amerika muri Myanmar
Ahari ibiro vya Ambasade ya Amerika muri Myanmar

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bwategetse ko abadiplomate badakenewe cane bari muri Myanmar batahuka. Ubwo bushikirangani bwabishikirije kuri uyu wa kabiri, mu gihe abajejwe umutekano bamaze kwirahira abantu amajana bari mu myiyerekano kuva habaye ugutembagaza ubutegetsi kwakozwe n’igisirikare.

Hagati mu kwezi kwa kabiri, ubwo bushikiranganji bwaremereye abakozi badakenewe cane n’imiryango yabo gutahuka ku bushake bwabo.

Abasivile bamaze gusiga ubuzima muri iyo myiyerekano barenga 520 gushika ubu, mu gihe ibihugu rutura kw’isi bidahengeshanya kunegura abasirikare ba Myanmar kuva haba kudeta kw’itariki ya 1 y’ukwezi kwa kabiri.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji avuga ko iyi ngingo izosubira kwihwezwa mu misi 30.

Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza hamwe n’ubumwe bwa Buraya barafashe ibihano inyuma y’iyo kudeta, ariko gushika ubu izo ngingo ntaco zahinduye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG