Uko wahagera

Tanzaniya: 45 Barapfuye mu Misunikano Basezera Magufuli


Abanyagihugu ba Tanzaniya bari mu muhango wo gusezera John Magufuli kuri stade Uhuru ya Dar es Salaam
Abanyagihugu ba Tanzaniya bari mu muhango wo gusezera John Magufuli kuri stade Uhuru ya Dar es Salaam

Igiporisi ca Tanzaniya cavuze kuri uyu wa kabiri ko abantu 45 ari bo bapfiriye mu misunikano mu ndwi iheze, igihe abanyagihugu bariko barunamira ubwa nyuma ikiziga ca nyakwigendera Perezida John Magufuli. Abapfuye baruta igitigiri ca batanu bari batangajwe ubwa mbere.

Umukuru w’igiporisi, Lazaro Mambosasa, yavuze ko iyo misunikano yo kw’itariki ya 21 y’ukwezi kwa gatatu yatanguye igihe uruhome abantu bari buriyeko ngo bashobore kubona ikiziga ca Magufuli cari muri Stade Uhuru y’i Dar es Salaam rwabomoka.

Mambosasa yavuze ko bamwe muri abo bantu bishwe no kubura impwemu za oxygen kubera ubwinshi bw’abantu bari muri uwo muhango.

Reta ya Tanzaniya yavuze ko Magufulii yahitanwe n’ingwara y’umutima kw’itariki ya 17 y’ukwezi kwa gatatu, mu gihe abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi barushiriza kuvuga ko yahitanywe na COVID-19.

Naho amakungu yamunegura ku gufata minenerwe ikiza ca COVID-19, abanyetanzaniya benshi barashima uburyo yatwara hamwe n’utwigoro yari afise two kurandurana n’imizi ubunyonyezi bw’amatungo ya reta bwarangwa muri reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG