Uko wahagera

Nyakwigendera John Pombe Magufuli Yashinguranywe Iteka


Uwahoze ari prezida w’igihugu ca Tanzania Dr. John Pombe Joseph Magufuli yashinguranywe iteka kuri uyu wa gatanu mu mujyi wa Chato mu ntara ya Geita aho yavukiye.

Uwo muhango witabiriwe n’ umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Tanzania Kasimu Majaliwa, Prezida w’ ibirwa vya Zanzibar Husein Ally Mwinyi n'ivyegera vy'iwe, Prezida wa Tanzania Samia Suluhu Hassan, abahoze ari abakuru b'igihugu ca Tanzaniya Ali Hassan Mwinyi na Jakaya Kikwete n'uwahoze ari Prezida w’ ibirwa vya Zanzibar Dr. Mohamed Shein hamwe n’abarongozi batandukanye bavuye mu bihugu bibanyi birenga 9.

Mur'uwo muhango wabereye mu kibuga c’umupira mu mujyi wa Chato aho yavukiye Prezida mushya yasimbuye Magufuli mama Samia Suluhu Hassan yavuze ko azokorera cyane ku vyo yigishijwe na nyakwigendela Pombe Magufuli.

Umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Tanzaniya Kassim Majaliwa yavuze ko atari bintu bisanzwe umurongozi mukuru w’ igihugu kwitaba Imana akiri mu butegetsi. Yasavye abanyagihugu kubandanya bihangana mur'iki gihe gikomeye barimwo.

Prezida w’ ibirwa vya Zanzibar Hussein Ally Mwinyi mur'uwo muhango yavuze ko urupfu rwa nyakwigendera John Pombe Magufuli rusize reta ya Tanzaniya mu marira ntangere no mu mitima y'abantu bose bakunda amajambere muri Afurika

Zimwe mu mpunzi z’ Abarundi zahungiye mur'ico gihugu zisaba Prezida Samia Suluhu Hassani wasimbuye nyakwigendera John Pombe Magufuli kuzokorohereza impunzi zigikeneye ubuhungiro no gufasha abakeneye gutaha.

Inyuma y'uwo muhango wo gushingurana iteka nyakwigendera John Pombe Magufuli hazokurikira igikorwa co gushira ku butegetsi icegera ca Perezida, uwuzoshirwa ku butegetsi n'umwe mu bagize inama nshingamateka hamwe na abashikiranganji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG