Uko wahagera

Somaliya Iragabisha Abanyamahanga Bivanga muri Poritike Yayo


Prezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Farmaajo abonana n'abahagarariye ibihugu n'imiryango mpuzamahanga
Prezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Farmaajo abonana n'abahagarariye ibihugu n'imiryango mpuzamahanga

Somaliya yagabishije abadiplomate bari mu gihugu ko bariko bivanga muvy’igihugu cayo. Ni inyuma y’aho ibihugu biyifasha, birimwo ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ubumwe bwa Buraya na Reta zunze ubumwe za Amerika basabiye ko gutunganya amatora vyokwihutishwa.

Reta nkuru ya Somaliya yasavye abo badiplomate bari mu gihugu cayo kutivanga mw’itunganywa rya poritike y’igihugu itaberekeye.

Iri gabisha ryashikirijwe n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Osman Dube, rije inyuma y’aho abaserukira ivyo bihugu muri Somaliya bavugiye ko batazoshigikira kwongereza ikiringo co kuguma ku butegetsi kwa perezida ahari iki gihe.

Dubbe yavuze ko reta yiwe yari yiteze ko amakungu yubahiriza ubwigenge bwa Somaliya n’imbibe zayo mu kwubahiriza amategeko mpuzamakungu.

Reta ya Perezida Mohamed Abdullahi Mohamed, isugerejwe n’amakungu ayisaba gutunganya amatora. Hambavu y’ibi, ikiringo ca perezida amara ku butegetsi carangiye mu kwezi guheze, kandi abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ata bubasha agifise bwo kubandanya arongoye igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG