Uko wahagera

Somaliya: Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi Ntibemera ko Farmajo Akiri Perezida


Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Farmajo
Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Farmajo

Abashigikiye abatavuga rumwe na reta muri Somaliya banse kwemera Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed mu gihe ikiringo ciwe carangiye. Ikiringo ciwe caheze ata kumvikana kubaye hagati y’impande za politike ku kugene ivyerekeye kumusubirira vyogenda.

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta rwasohoye itangazo risaba ishirwaho ry’urwego mfatakibanza rujejwe kurongora igihugu gushika amatora ashobore kuba. Abagize urwo runani batangaza ko batazokwemera akigoro ako ari ko kose ko kongereza ikiringo ca Prezida Mohamed.

Prezida Mohamed, azwi cane kw’itazirano rya Farmajo, yariko arondera ikiringo ca kabiri mu matora yari ategekanijwe kuba mu mpera z’umwaka uheze w’i 2020. Ayo matora yari kuba biciye ku bayobozi bw’imiryango igize intara zitandukanye z’igihugu. Vyari bitegekanijwe ko bahitamwo abari kuba bagize inama nshingamateka bari gutora umukuru w’igihugu.

Prezida Mohamed yagiriza abayoboye abatavuga rumwe na reta ko bavuye mu masezerano yapfunditswe mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze, yategekanije uburyo amatora yoba. Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hussein Roble, yarakoresheje mu ndwi iheze ibiganiro vyamaze imisi 3 n’abayoboye intara 5 zigize igihugu. Iyo nama yabereye mu gisagara ca Dhusamared, kiri ku bikometero bigera 5000 mu buraruko bw’umurwa mukuru, Mogadisho, mu ntumbero yo kurondera umwumvikano.

Yamara ivyo biganiro vyarahagaze ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi iheze. Abayobozi b’intara za Puntland na Jubaland batangaje ko batacemera Mohamed Abdullahi Mohamed nk’umukuru w’igihugu. Somaliya yaranzwe n’akajagari mu vya politike kuva prezida yatwaza agahotoro, Mohammed Siad Barre, akuwe ku butegetsi mu mwaka w’i 1991.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG