Uko wahagera

ONU Isaba Abayobozi ba Somaliya Kwumvikana Bidatevye ku Matora.


Urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rwarasavye ku musi wa kabiri abategetsi ba Reta ya Somaliya n’abo mu ntara zitandukanye zigize igihugu gusubira kubandanya ibiganiro badatavye hamwe no kwumvikana ku vyerekeye ku gikorwa co gukoresha amatora mu buryo bwihuta bushoboka.

Amasezerano yumvikanyweko mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze arekurira prezida n’abandi bategetsi kuguma mu mabanga yabo inyuma y’itariki y’amatora yo ku musi wa mbere, mu gihe vyoba bikenewe. Yamara intumwa idasanzwe iserukira ishirahamwe ONU, James Swan, aragabisha ko kurenga iyo tariki bishobora gutera ibibazo vya politike vyiyongera ku vyari bihasanzwe.

Abagize urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi basohoye itangazo ryakira neza utwigoro tw’abategetsi ba Reta ya Somaliya hamwe n’ab’intara two kurondera kwumvikana ku vyerekeye gushira mu ngiro amasezerano yo mu kwezi kw’icenda. Yamara berekanye kandi impungenge ko ibiganiro vyarangiye ku musi wa gatandatu ata masezerano ashitsweko.

Basaba izo mpande zose gukora ku nyungu z’abanyagihugu muri Somaliya, no kwumvikana ku masezerano yerekeye amatora ahuza bose yotunganywa mu buryo bwihuta bushoboka.

Abanebagura Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed, bamwagiriza ko ariko atebesha amatora kugira agume ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG