Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yashize ku rutonde rwirabura rw’imihari y’iterabwoba, imihari ibiri icuditse n'umuhari wa reta ya kiyisilamu. Iyo mihari ni Allied Democratic Forces (ADF) ufise ibirindiro muri Republika ya demokarasi ya Kongo n'umuhari Ahlu Sunnah Wa-Jama wo muri Mozambike.
Imihari ADF hamwe n’indongozi yawo, Seka Musa Baluku, hamwe n’umuhari Ahlu Sunnah Wa-Jama n'umukuru wawo, Abu Yasir Hassan, yiswe imihari mpuzamakungu y’iterabwoba.
Kuyita uko bibuza abanywanyi bayo kugendera muri Reta zunze ubumwe za Amerika, amatungo yose bahafitiye yafashwe, no kubuza abanyamerika gukorana ibikorwa vy’urudandaza na bo hamwe no guhana uwubaha imfashanyo no kubafasha mu ngendo.
Amerika yise iyo mihari ISIS-DRC na ISIS-Mozambique.
Umuhari ADF, wamuka muri Uganda uragisibije mu buseruko bwa Kongo kuva mu myaka y’1990s, aho umaze kwica abantu barenga 140 kuva uyu mwaka utangura n’850 mu mwaka uheze, nkuko ibiharuro vya ONU bibivuga.
Ahlu Sunnah Wa-Jama, uzwi muri Mozambique nka Al-Shabab, watanguye ibitero mu 2017.
Facebook Forum