Uko wahagera

DRC: Abarenga Cumi Bishwe Banigaguwe n'Abarwanyi ba ADF"


Abasirikare ba KOngo bakizura Beni

Abasivile 12 barishwe n’abakekwa kuba abarwanyi ba ADF mu bucagucagu bw’ejo ku wa gatandatu mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo. Musitanteri wa Teritware ya Beni yabereyemwo ubwo bwicanyi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko abishwe ari abarimyi bo ku mutumba witwa Mabule.

Umunani mu bishwe ni abagabo, bane bandi ni abapfasoni bishwe banigaguwe urw’agashinyaguro. Abo barwanyi bivugwa ko ari abo muri ADF babishe babasanze mu mirima yabo nkuko Musitanteri Donat Kibuana abandanya abisigura. Uwo mutegetsi yemeza ko ibitero vy’uwo murwi wiyitirira idini rya Isilamu vyari vyaracureshe kuva mu kwezi kwa mbere bivuye ku bitero igisirikare ca Kongo cari kimaze iminsi kigaba ku birindiro vy’abo barwanyi.

Naho Reta ivuga ko ari 12 bishwe, amashirahamwe yigenga akorera muri Beni yemeza ko abishwe ari 14 kandi hari n’abandi atawuzi irengereo ryabo. Igitigiri c’ababuriwe irengero nticatangajwe .

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG